UR’UMWANA W’IMANA ?

N’aho abantu bose baremwe n’Imana, si bose ari abana b’Imana. Wari ubizi?

Muy’ukuri, abantu ntibavuka ari abana b’Imana, ahubwo bacika abana b’Imana iyo bemeye kwakira no kwizera mu buzima bgabo Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza wabo gusa.
« Abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe. »(Yohana 1:12)

Ariko kandi, nk’uko ata ruhara twagize mu kuvuka kwacu, niko ata ruhara tugira mu kuvukira mu muryango w’Imana, kugira twitwe abana bayo. Imana ni yo, kubw’ubuntu bwayo, « iduha ububasha bgo gucika abana b’Imana » ibicishije mu mwana wayo Yesu Kristo.
Nico gituma ata mwana w’Imana yovyiratira.
Mw’ibaruwa Pawulo yandikiye abanyefeso avuga ati:
« Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira. »(Abanyefeso 2:8-9)

None wewe woba uri muri abo bakiriye Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza wabo?
Niwaba warakiriye Yesu Kristo mu buzima bwawe nk’umwami n’umukiza wawe, ukongera ukamwizera, nta nkeka uri umwana w’Imana.
Ariko, niwaba utamwakiriye ngo umwizere, ntuze usubire kwihenda, nturi umwana w’Imana.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, ha abantu bose kwizera izina ry’umwana wawe Yesu Kristo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo nyene tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *