kigeragezo ntigihora kimara umusi umwe, indwi imwe canke umwaka umwe gusa.
Hari igihe Imana ireka igihe kikaba kirekire.
Igitandukanya abantu si uburebure bw’ikigeragezo, ahubwo ni ingene barindira ubutabazi bw’Imana.
Abana ba Isirayeli barindiriye imyaka amajana ane na mirongo itatu (430) imbere y’uko babona isezerano ry’Imana rishitswa.
«Iyo myaka ukw ar’ amajana ane na mirongwitatu ishize, kur’ uwo musi nyene, amasinzi yose y’ingabo z’Uhoraho ava mu gihugu ca Egiputa.» (Kuvayo 12:41)
Muri iyo myaka yose, barabaye mu buja, barasuzugurwa, bararira kandi barababara. Ariko Imana ntiyari yabibagiye kandi ntiyari yarabahevye. Umusi yari yaragenye warageze, maze ku musi umwe gusa, Imana ica iminyororo yari yarabagize imbohe imyaka amajana n’amajana.
Birashoboka ko nawe uno musi urindiriye gukira indwara, gusubizwamwo amahoro mu rugo rwawe, umugisha mu vy’ubutunzi, ubutungane, akazi canke iherezo ry’uruhamo urimwo.
Ntupime ubudahemuka bw’Imana ukurikije igihe umaze utegereje.
Iyo Imana isa n’iyacecetse, ntiba yakuvuyeko.
Kandi iyo itevye, ntiba yakwibagiye.
Uwumenye kurindira Imana ntazokwigera amaramazwa. Amasezerano y’Imana ntasaza kubera igihe; ashitswa igihe nyene Imana yagenye.
Ntucike intege. Bandanya wizera, usenga kandi wizigira. Imana yakuye Abisirayeli mu Misiri inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu ni yo ikiriho n’uno musi.
Na wewe izogutabara mu gihe yagenye.
IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe inkomezi zo kuguma tukurindiriye dufise ukwizera gushika ku musi uzodutabarirako.
Komeza ivyizigiro vyacu kandi ushikamishe ukwizera kwacu mu masezerano yawe.
Tubisavye mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.
Shalom!
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
