USHOBORA KWIHANGANA IGIHE KINGANA GUTE ?

Ivyago ivyarivyo vyose twocamwo, ico dukwiriye kumenya n’ukwihangana mu mwanya tuba turindiriye ko Imana ibidukuramwo.

Abana ba Isiraheli bihanganye imyaka irenga amajana ane!
« Iyo myaka ukw ar’ amajana ane na mirongwitatu ishize, kur’ uwo musi nyene, amasinzi yose y’ingabo z’Uhoraho ava mu gihugu ca Egiputa. »(Kuva 12:41)

Bihanganiye ububabare bwo kuba mu buja n’agasuzuguro imyaka amajana ane na mirongwitatu, ariko umunsi umwe, inyuma y’iyo myaka yose, Imana yarabagarukiye, ibakura mu buja.
None weho ushobora kwihangana igihe kingana gute uringiriye ko Imana iza kugutabara mu ndwara yawe, mu gisuzuguriro, mu bukene, mu karenganyo canke mu gutotezwa urimwo?
Imana yikundira abazi kwihangana.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe inkomezi n’ubutwari bwo kwihangana mu bihe vy’ibibazo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *