UYU MUNSI BIMENYEKANE KO IMANA YACU IHAMBAYE

Igihe umuvugishwa n’Uhoraho Eliya yari ahanganye na ba kamenyi ba Bayali ukw ar’ amajana ane na mirongwitanu, hamwe na ba kamenyi ba Ashera ukw ar’ amajana ane, yarerekanye inkomezi z’Imana yiwe, n’uko ari nayo Mana y’ukuri muri Isiraheli.

Igihe co gutanga ikimazi ca ni kera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yigira hafi, aravuga, ati:
« Ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ ijambo ryawe. Unyumvire se, ewe Uhoraho, unyumvire kugira ngw aba bantu bamenye kw ari wewe Mana, ewe Uhoraho, kandi kw ari wewe ugarukana imitima yabo. »(1 Abami 18:36-37)

Nyuma y’iri sengesho rigufi, umuriro w’Uhoraho uca uratibuka, uturira ikimazi co kwoswa na za nkwi na ya mabuye n’umukungugu, urigata na ya mazi yari mu muvo.
Maz’ abantu bose babibonye, barunama bashika hasi, baravuga, bati:
« Uhoraho ni we Mana, Uhoraho ni we Mana! »(1Abami 18:39)
Eliya yasenze mu kwizera noneho inkomezi z’Imana zirigaragaza imbere ya ba kamenyi, baremera.
Natwe, mu kwizera, reka dusabe Imana gukora igitangaza mu buzima bgacu kugira abansi bacu, abakeba bacu, abadutoteza, abadutera ubgoba ndetse n’abaturwanya bose, bamenye kandi bemere uyu musi ko Imana yacu ihambaye, ko irikumwe natwe, ko yumva amasengesho yacu, Kandi ko idukunda.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kwizera inkomezi n’ubushobozi vyawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *