WOBA URAHURA NABO ?

Abantu batumva igituma wizera Imana n’impamvu usenga barakurindiriye mu bihe bikomeye vy’ubuzima bgawe kugira bagucokore.

Bibiliya ivuga ko « mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo, babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.” »(2 Petero 3:3-4)

Woba urahura nabo?
Niwaba utarahura nabo, menya ko uzohura nabo.
Ariko kandi niwahura nabo, ntuzobatege amatwi, ntuzobahe amahirwe yo kugutandukanya n’Imana no gusenya ukwizera kwawe, uzogume ushikamye mu kwizera kwawe.
« Mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi. »(1 Abakorinto 16:13)

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dushoboze guhagarara dushikamye mu kwizera kwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *