YAKOZE IVYO UHORAHO ABONA KO ARI VYIZA

Abijamu yatwaye Yeruzalemu imyaka ibiri gusa, asubiriye se Rehobowamu mwene Salomo. Muri iyo myaka ibiri ntiyashimishije Imana kuko yihaye ivyaha vyose vya se. Umuhungu wiwe Asa yaramusubiriye, ariko we ashimisha Imana maze amara imyaka mirongo ine ku ngoma.

« Asa uwo yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’uko sekuruza Dawidi yakora. »(1Abami 15:11)

Muvy’ukuri, uretse kwubaha Imana gukomeye, Asa yayoboye politike y’amadini yari igizwe no guteza imbere gusenga Uhoraho gusa, no kurwanya gusenga imana z’Abanyakanani, kwirukana abagabo bendana no gusenya ibigirwamana n’ibishushanyo, n’ibibanza byo gusengeramo imana z’abanyamahanga. (Soma 1Abami 15:12)

Ariko, n’ubwo yari afise umwete wera, Asa ntiyashoboye kweza gose igihugu ngo akureho burundu gusenga ibigirwamana kuko atasenye ahantu hirengeye. Ariko umutima wiwe wari kumwe n’Imana.
Inyungu zacu zikwiriye kuba mu gukora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza.
Muvy’ukuri, ibikorwa vyacu vyose ntibizokwigera bitungana. Ariko ibizoshimisha Imana kandi bikatugirira neza ni ukuntu imitima izohora yifuza gukora ivyo Imana ibona ko ari vyiza.
Reka duhore misi yose duharanira gukora ivyo Imana ibona ko ari vyiza.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe guhora dukora ivyo ubona ko ari vyiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *