AMASENGESHO YACU ARAKOMEYE

Hariho abantu birengagiza akamaro ko gusenga.

Bibiliya itubwira ko:
« Eliya yar’ umuntu ameze nkatwe, asaba yinginga ngw imvura ntigwe, imvura imara imyaka itatu n’amezi atandatu itagwa mu gihugu; yongera gusaba, ijuru rirekura imvura, isi imeza imirima yayo. »(Yakobo 5:17-18)

Nivyo, n’ukuri, Eliya yari umuntu ameze nkatwe.
Ni cokimwe n’abantu dukunda kubwira ngo badusengere; n’abantu bameze nkatwe kandi n’abana b’Imana nkatwe.
Kandi Imana yumva kandi isubiza amasengesho y’abana bayo bose itarobanuye ku butoni.
Ni twizera Imana tukayizigira, tuzobona ko amasengesho yacu akomeye nk’aya Eliya.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kwumva ko amasengesho yacu akomeye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *