GUHAGARARA USHIKAMYE

Wari uzi ko ushobora kwiyumvira ko uhagaze ushikamye kandi atarivyo?
Abisiraheli bose bari ivyabona kuvyo Imana yerekanye, gutabarwa mu buryo bw’igitangaza, ivyiza Imana yabakoreye; yamara barahoneye mu bugaragwa.

« Nuko rer’ uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe. »(1 Abakorinto 10:12)

Muvy’ukuri, ibitugerageza nivyo bigerageza n’abandi bose. Kandi n’aho Imana ari iyo kwizerwa kugira ngo idukize muri vyo, dukwiriye cane kuba maso(Soma 1 Petero 5: 8) kandi tugahunga ivyaha vyose.
Kwibesha ngo uhagaze neza, ngo urashikamye, canke kwiyemera nico gikomeye mu vyago vyose umuntu agira.
Umuntu wese azi ukwo kuri aba ashobora kwirinda.
Inzira yizewe n’ukwemera no kumenya intege nke zawe, kandi ukirinda ibigeragezo, kuko iyo ugeragejwe, ntuba wizeye neza ko wobivamwo amahoro.
« Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke. »(Matayo 26:41)

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe guhora turi maso kugira ngo tunanire ibigeragezo vyose vya Satani.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *