MENYESHA INZIRA NKWIYE GUCAMWO

Mugihe umuhungu wiwe Abusalomu hamwe n’abayoboke biwe bari bagumutse bakigarurira igihugu cose, Umwami Dawidi we, yishize mu minwe y’Imana, noneho, mu gitondo, agahora abanza kuyibaza inzira akwiye gucamwo kugirango ntapfane nabo canke ngo agwe mu mitego yabo.

« Mu gitondo unyumvishe imbabazi zawe, Kukw ari wewe nizigira: Ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo, Kukw ari wewe ncururira umutima. »(Zaburi 143:8)

Nk’uko tutazi aho ikibi kiturindiririye n’aho satani n’abadayimoni biwe badutegeye imitego, buri gitondo dukwiriye kwishira mu minwe y’Uhoraho Imana yacu kandi tukareka tukayoborwa na yo mu buryo bwo kumwumvira.
Nitwemera kuyoborwa n’Imana, tuzohora tubona imbabazi zayo n’ubuntu bwayo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, uko bukeye n’uhore utumenyesha inzira y’ubuzima bwiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *