TUGUMANE IVYIZIGIRO

Ninde mu bana b’Isiraheli bari mu bunyage yashobora kwiyumvira ko bazosubira kubona Yerusalemu? Nta n’umwe.
Ivyizigiro vyose vyari vyarahagaze, baribuka Siyoni bagaturika bakarira.

« Ku nzuzi z’i Babuloni Ni ho twahora twicara, mbere tugaturika tukarira, Twibutse i Siyoni. Ku biti vyaho Ni ho twari tumanitse inanga zacu. Kukw abatwambukanye tur’ inyagano batugomberakw indirimbo aho hantu, Abatugaraguza agati batugombakw akanyamuneza, Bati Ni muturirimbire ku ndirimbo z’i Siyoni. Mbega tworirimba dute indirimbo y’Uhoraho Turi mu mahanga? »(Zaburi 137:1-4)

Natwe, har’ibintu vyiza twibuka twabayemwo iwacu canke ahandi, n’ibindi vyiza twigeze gutunga, agahinda kagahindira mu mutima, tukagera n’aho duturika tukarira kuko tuba twibaza ko tutazosubira kubibona.
Ariko, tuba twibeshe nk’abo bana b’Isiraheli bari barihebuye bakarira nk’abatazosubira kubona Yerusalemu.
Gutukwa, gusuzugurwa no gushinyagurirwa nk’uko abana b’Isiraheli babikorewe, ntibikwiye gutuma twihebura, ahubwo, tugumane ivyizigiro y’uko imigambi y’Imana ari myiza kuri twebwe, ko tuzosubizwa ivyo Satani yatunyaze kandi ko tuzosubira no kugira ibihe vyiza nk’ivyo twigeze kubamwo.
Erega « harih’ ivyizigiro vy’igiti, iyo giciwe, yuko kizokwongera kunaga. »(Yobu 14:7)
Reka rero tugumane ivyizigiro !

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dushoboze kugumana ivyizigiro.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *