TWITEHO ISUKU RY’IMIBIRI YACU

Imana ishaka ko twitaho umubiri wacu uko twitaho umutima wacu.
Muvy’ukuri, n’aho kwitaho umutima wacu ari ikintu ciza mbere na ngombwa, ntidukwiriye kwirengagiza umubiri wacu nawo.

« kukw ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, arikw arawugaburira, akawubungabunga, nk’uko Kristo na we agirira ishengero. »(Abanyefeso 5:29)

Kwitaho imibiri yacu s’ukuyirinda gusa ibintu bibi bishobora kuyigirira nabi, imbere ya vyose n’ukubungabunga isuku ryayo.
Tutigiriye isuku ku mubiri, turashobora kwandura no kwanduza abandi indwara ziterwa n’umwanda, ariko kandi dushobora no gusanga twabangamiye abandi, cane cane abatwegera, kubera kunuka: umunuko wo mu kanwa, umunuko uvuye mu maboko, umunuko w’impuzu twambaye, n’ibindi.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe guhora twitaho isuku ry’imibiri yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *