URI ICITEGEREREZO ?

Ijambo ry’Imana riduhimiriza kuba icitegererezo mu bikorwa vyiza.

« …wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo… »(Tito 2: 7)

Muvy’ukuri, ntidukeneye gufata Bibiliya no kwiha imirambi gusa kugira ngo tuvuge ivya Yesu.
Oya, ibikorwa vyacu n’ubufasha butandukanye duha abandi birashobora kuba vyiza nk’intahe n’ivyishimikizo vyo kuvuga ubutumwa.
Ibikorwa vyacu n’ubufasha bwacu, bituma abandi babona ko Kristo ubwiwe aba kandi akorera muri twebge.
None wisuzumye, ubona Uri icitegererezo ?
Ubona ushobora gutuma abandi bifuza kumenya vyinshi ku Mana?
« Ntihakagire ukugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye. »(1 Timoteyo 4:12)
Reka tube icitegererezo.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, dushoboze kuba icitegererezo mu bikorwa vyiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye.
Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *