UWANKWA AZOKUNDWA

Yefuta w’ Umugileyadi, yar’ umuhizi w’inkomezi; yari yavutse kuri maraya, yamuvyaweko na Gileyadi. Ariko muka Gileyadi bari baravyaranye abandi bahungu; abo bamaze gukura, bari barirukanye Yefuta, bati Nta co uteze mu vya data, kuko wavutse ku mugore w’ icangazi.
Maze Yefuta aca ahunga bene se, aragenda aba mu gihugu c’i Tobu; abantu b’imburakimazi bakoranira kuri we, bakagenda bambura abantu.

Igihe kiragera, Abamoni ni kwo gutera Abisirayeli. Maze babateye, abakuru b’i Gileyadi baragenda ngo bakure Yefuta mu gihugu c’i Tobu; baramubarira, bati:
« N’uze ube umugabisha wacu, tubone kurwanya Abamoni. »(Abacamanza 11:6)
Yefuta yishura abakuru b’i Gileyadi, ati:
« Mbega si mwebge mwanyanse, mukanyirukana mu rugo rwa data? None muhenga mugowe mukaza iyo ndi? »(Abacamanza 11:7)
Maz’ abakuru b’i Gileyadi baramwishura, bati:
« Noneh’ igitumye tuza iy’ uri n’ukugira ng’ ujane natwe, urwanye Abamoni; uzoheza ube umukuru wacu, uganze ababa i Gileyadi bose. »(Abacamanza 11:8)

Yefuta aravyemera, ararwana kandi atsinda Abamoni.
Uku niko yabaye umuyobozi w’ubwoko bwiwe.
Nihaba hari abantu mu muryango wawe canke mugace ubamwo bakwanka, menya ko Imana idashobora kukwanka.
N’ubwo boba bangana gute, bakomeye gute, canke bahambaye gute, Imana ntishobora guhagarika kugukunda canke guhagarika imigambi myiza igufitiye ngo n’uko abantu bakwanka.
Kubera ko uri umwana wayo, Imana izotuma abakwanka bakugarukira kandi bicishije bugufi imbere yawe.
Rema, ntiwihebure.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kwumva ko udukunda kandi ko ata kintu gishobora kudutandukanya n’urukundo rwawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

2 réponses sur “UWANKWA AZOKUNDWA”

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *